UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Samantha aboneka yambaye ukuntu kudasanzwe mu mashusho y’indirimbo yiwe nshasha ya Fantastic ” Raba hano

Amasanamu y’indirimbo Fantastic ya Masteland hamwe na Samantha ariko aratunganywa neza vuba azoja ahabona nkuko umuririmvyi Masterland yabitubwiye, Muri ino nkuru turabereka amasanamu amwe amwe azoba ayigize.
Abakunzi b’indirimbo Fantastic y’umuririmvyi Masterland akongera akaba n’umuhinyanyuzi hamwe n’umuririmvyikazi Samantha bariko barabategurira neza amasanamu yiyo ndirimbo.Umuririmvyi Masterland aganira na afrifame.bi yavuze ko ari inkuru nziza kubakunzi babo kubona amasanamu yiyo ndirimbo agiye gusohoka vuba kuko ngo bagumye babisabwa kenshi.Masterland avuga ko bumviye abakunzi babo kandi ngo itunganywa ryayo masanamu ngo rigeze kure.

Ayo masanamu y’indirimbo Fantastic ariko akorwa n’inzu zitunganya amasanamu zitatu:MIRAMIRA Films ,The chelif Production na Nône films.Masterland avuga ko ashobora guteba gato kubera ariko akorwa mu buhinga bwa 3D(3Dimensions) kugira azosohoke ari meza ashimwa na bose.Abahinyanyuzi bariko barayikora akaba ari: Hugues bana , Johny B hamwe na BanCherif.

Umuririmvyi Masterland akongera akaba n’umuhinyanyuzi yabandanije yiganira afrifame.bi ati:”Amasanamu y’indirimbo Mama Africa nayo bayitege vuba kandi nfise na gahunda yo kwegera abakunzi banje mu mpera z’umwaka aho nzoba ndiko ndanerekana abaririnvyi nsanzwe nkorana nabo munzu itunganya indirimbo yitwa “Indonyi Records” nka Ashley n’abandi.Abafana banje nobasaba ko bomba hafi imisi yose nanje nditeguye kuguma ndabaha bishasha.

Aya ni amwe mu mafoto azoboneka mu ndirimbo Fantastic ya Masterland na Samantha,ihere akajisho imbere yuko aja ahabona kumugaragaro :

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments