Saido NTIBAZONKIZA yaraye atanguye imyimenyerezo mu mugwi wiwe mushasha wa CAEN wo mu BUFARANSA.

0

Saido NTIBAZONKIZA umukinyi w’umurundi yaraye atanguye imyimenyerezo mu mugwi wiwe mushasha wa CAEN wo mu gihugu c’ubufaransa nkuko amakuru ikinyamakuru canyu ubmnews.com dukesha uwujejwe kumenyekanisha amakuru muri uyo mugwi wa CAEN,umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’ubufaransa.
1
Saido NTIBAZONKIZA akaba agiye gukinira uyo mugwi wa CAEN ikiringo c’imyaka 3 nkuko twari twabibamenyesheje ku nkuru duheruka kwandikako uyo mukinyi.
2
Twobamenyeshako Saido NTIBAZONKIZA yari yafashe indege ku munsi wa kane agana ico gihugu c’ubufaransa.