Saido NTIBANZONKIZA YARAYE ASINYE MU MUGWI WE CAEN mu BUFARANSA.

0

Umukinyi w’umurundi Saido NTIBAZONKIZA yaraye asinye amasezerano yo gukinira umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’ubufaransa,umugwi wa CAEN,amasezerano y’imyaka itatu(3).
saido
Saido NTIBAZONKIZA akaba asanzwe ari umikinyi akina ku ruhande rwo gusatira ku numero 10,akaba yaramaze iminsi ata mugwi afise aho yahora agira imyimenyerezo mu mugwi yigeze kuba akinira,umugwi wamureze,umugwi wa VITALO’O FC.
ntibazonkiza
Saido NTIBAZINKIZA akaba agiye gukina mw’ihiganwa rimwe n’abakinyi ruragiranwa nka:Zlatan Ibrahimovic,Angel Di Maria n’abandi.