Rwasa ngo ntiyakumiriwe mu nama y’abatavuga rumwe na Leta ya Bujumbura

0

Kuri uno musi wa kane i Addis Abeba muri Ethiopie ngo hitezwe abarundi bashika 70 bazoba bagizwe n’abanye politique adaharanira inyungu za politique eka n’abatari bake bari muri rwa runani rw’abadashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

000_Par8237482_0

Muri urwo rugendo ruzobashika ku cicaro gikuru c’ubumwe bwa afrika uwo murwi utari muto muto w’abarundi ngo uzoba ugiye gushiraho umurwi uzoba uje gusaba gusubira gukurikizwa kw’amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro.

Nkuko vyabishikirije Murwengezo ngo bashimye kuja hamwe kugira ibikorwa vyahora bikorwa nkaho umengo n’udushimbira hamwe, bihere noneho batangure igikorwa gishasha mbere banashire imbere uwuzoba atwara uwo murwi.

Nkuko Murwengezo amenyesha ngo ico gikorwa kizokorwa ata n’umwe akumiriwe kuko ari ica bose, ngo nico gituma bari bipfuza ko na Agathon Rwasa yari kuba arikumwe nabo.