Rwasa mu nama nshingamateka vyatanguye kugirira ikimazi

0

Abayoboke ba rwasa agathon batanguye gutahuka mu mazu yabo inyuma yaho rwasa agathon yinjiriye mu nama nshingamateka nkuko amakuru dukesha urubuga rw’ingurukana bumenyi rw’insamirizi Isanganiro rubivuga.

000_Par8237482_0

Ayo makuru nyene amenyesha ko umwe mu bayoboke ba Rwasa Agathon wo mu ntara ya Muyinga yahora aronderwa n’ubutungane muri iyo ntara ngo imitahe yamurondera yahagaritswe.

Alexandre Ninteretse akaba atahutse inyuma y”amezi atatu aba mu gahinga atawuzi aharara. Akaba ariwe yatwara urwaruka rukiyoboka Rwasa Agathon.

Mbega ko bari bahunze batanguye gutahuka, abafunzwe bo boba bagiye nabo gufungurwa? Abanamarimwe batamushigikiye bo boba bagiye kubona ko hari akarusho bigiye kubagirira?