Monday, September 26, 2022
HomeNewsRWASA Agathon: Ikibazo c'Uburundi kizotorerwa inyishu n'abarundi

RWASA Agathon: Ikibazo c’Uburundi kizotorerwa inyishu n’abarundi

Umukuru w’umugambwe FNL utemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu RWASA Agathon avuga ko abarundi bonyene ubwabo aribo bafise inyishu ku bibazo vya politike biri mu Burundi.

RWASA Agathon avuga ko abarundi bakwiye kumenya ko atari umuhuza azotorera inyishu ikibazo kiri mu Burundi,ariko ko wewe afasha kugirango bahure.

Ku bijanye na Reta y’Ubumwe ,mukuru w’umugambwe FNL utemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,RWASA Agathon amenyesha ko nimba ariyo yoba inzira yo gutora inyishu,atacobuza ko ijaho.

Rwasa Agthon ari mu murwi w’abanyapolitike batumiwe mu biganiro vyabereye i Arusha ku magenekerezo ya 16 na 17 Nzero 2017,mu ntumbero yo kuganira uko ibiganiro vyotunganywa.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...