UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Rwanda : Umunyamakuru ” Agnes Uwimana ” ntakiri mw’ibohero rya Kigali

Inyuma yaho afatiwe agatabwa mu mvuto yagirijwe guhungabanya umutekano w’igihugu co kimwe no kugumura, Agnes Uwimana Nkusi yaraye arekuwe, aho yari apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Kigali.

Uwo mumenyeshamakuru wo mu gihugu c’Urwanda akaba yari amaze imyaka ine mw’ibohero yagirizwa icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu, ndetse n’ukugumuka, igihe yari umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru mu kinyamakuru UMURABO.

Mwomenyako uwo mumenyeshamakuru yari yatanguye gucirwa imyaka 17 yo gupfungwa yagirijwe guhamagarira ukugarariza, amacakubiri ndetse no gukora mu nkovu abahuye n’ivyago vy’ihonyabwoko ryahitanye abatutsi muri ico gihugu c’Urwanda, mu mwaka w’1994. Sentare ntahinyuzwa y’igihugu c’Urwanda, ikaba yaciye isubiramwo urwo rubanza mu mwaka w’2012, Agnes Uwimana Nkusi, aca acibwa gupfungwa imyaka ine.

Asohotse ibohero rikuru rya Kigali, uwo mumenyeshamakuru akavuga ko agiye kubandanya akora akazi kiwe ko kumenyesha amakuru, ndetse akiyemeza kuzobandanya yandika amakuru, uko yahora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments