Nkuko abakunzi benshi ba Ubm news tugerageza kubazanira utuntu nutundi twibibera hirya no hino, uno musi inkuru yavuzweho cane mu Rwanda niyumugabo wumworozi winzuki uno musi yatangaje abantu benshi cane aho yagiye yikoreye inzuki kumutwe.
Nkuko tubitangarizwa nikinyamakuru gikorera murwanda, bo bavuga ko Mu gihe yarafise inzuki zuzuye kumusaya wiwe, abantu babanje kumuhunga bafise ubwoba ko zobarya, nyuma baje kumutinyuka kuko babona ameze nk’uwuzitegeka ico ashaka cose.
Jean de la Paix uwo mugabo nyene yakomeje atangariza ico kinyamakuru co murwanda ko mu buzima busanzwe uko amenyereye cane ivy’inzuki, avuga ko aho zananiranye bamwiyambaza akazihakura, ndetse bashaka ko azihavana akazijana ntizongere kuhagaruka.
Uyu musore avuga ko izi nzuki yazigendanye kumutwe amasaha agera kuri cumi kandi ko abantu bose bahura ko vyaza bibatangaza cane bakibaza impanvu inzuki zishobora kumwunvira nkuko kose.
iki gikorwa akora cubworozi bwinzuki ngo abironkamwo vyinshi cane kandi ngo bimaze kumugeza kure kuko ngo iyo agiye kwimurira abantu inzuki bahora bamuriha amahera bityo akaba arinayo mpanvu yishimira ico gikorwa cubworozi bw’inzuki.
Uno mugabo bamubajije nimba ko atazindi nguvu yoba akoresha kugirango izi nzuki ntizimurye kandi zimwunvire, maze nawe yahise yishura ko atazindi nguvu aba yitabaje gusa yatangaje ko afise imiti abanza kunywa no kwisiga kugirango zitamurya cangwa ngo zirye n’abandi bantu.
Ati “ Ntazindi nguvu kandi ntanubwo ari umuti mubi nkoresha ni umuti mfise nywa nkongera nksiga Kandi n’uburambe mbifitemwo buramfasha maze kumenyerana cane n’inzuki nibwo buzima bwanje”
Ese wewe iki kintu cuno mugabo yiremeka inzuki ukivugakwiki ??? Posted by Eric Nyandwi
Recent Comments