Ruyigi : Umwigeme yatemaguwe ibihimba vy’umubiri

0

Umwigeme azwi rya Béoline Niyozomburanira w’imyaka 20 aba ku musozi Nyamiyaga, zone Muriza, komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi yatemaguwe ibihimba vy’umubiri hakoreshejwe umupanga.

Uwatemaguye uwo mwigeme ni uwuzwi kw’izina Appolinaire Niyorugira, akaba yagirizwa ko ariwe yari yateye inda uwo mwigeme.

Mu giporisi bamenyesha ko uwo mwigeme aremvye aho arwariye mu bitaro bikuru vy’intara ya Ruyigi.

Uwagirizwa ico caha akaba yafashwe n’igiporisi, hongera hafatwa kandi uwuzwi kw’izina rya Habonimana Thacien yagirizwa nawe ko yafadikanije n’uwo musore mu gutemagura umwigeme Béoline Niyozomburanira.