Ruyigi: Umunywanyi wa FNL Yagirizwa Kuba Yaragomvye Kugandagura Musitanteri wa Commune Kinyinya Arafunzwe.

0

Uwo munywanyi w’umugambwer FNL afungiwe mu gasho ka commissariat y’intara ya Ruyigi, akaba yagirizwa kuba yarashatse kugandagura musitanteri wa Komine Kinyinya. Abandi banywanyi buwo mugambwe FNL bayoboka Rwasa Agathon bakaba bamenyesha ko uwo afunzwe kubera irementanya rikorwa kugira ngo abanywanyi benshi bayoboka Rwasa batabwe mw’ibohero.

Moise Nimbona, Umugenduzi w’indimo akora muri SOPRAD-CARITAS BURUNDI, muri komune Nyabitsinda ,yahagaritswe ku musi wa gatandatu uheze. Amakuru ava ngaho mu ruyigi aremeza ko uyo Moise Nimbona yari umunywanyi wa FNL ayoboka Rwasa.

Akaba yahagaritswe n’abari mu mugambwe uri kubutegetsi bavuye mu bikorwa rusangi. Igihe yahagarikwa bidaciye mu mategeko, Moise Nimbona akaba yagirizwa kuba yari atunze inkoho atabifitiye uburenganzira, ikirego cahavuye gihindurwa ko yagerageje kugandagura musitanteri wa komine Kinyinya.

Abanyagihugu baba mu Ruyigi, bari mu mugambwe FNL, bavuga ko ari irementanya ryeruye rigamije guhagarika abanywanyi bayoboka Rwasa Agathon.

Umnyagihugu wo muri ako karere avuga ati :” Uyo musi, Musitanteri yariko atembera ata wumucungerera umutekano bari kumwe muri Camion yo mu bwoko bwa Fuso ari kumwe n’abanyagihugu baba muri iyo komine. Twabwiwe ko uwo yahagaritswe yariko agendera kwipikipiki afise inkoho”.

Ihagarikwa ryiwe ryoba ryateguwe kare. “ Yaramaze igihe yikekwa nabategetsi bo muri ako karere ko ari mu mugambwe FNL, ayoboka Rwasa, kandi ko yari afitaniye imigenderanire n’abashaka kugandagura Musitanteri, n’umugambi gusa wo gushaka guhagarika abanywanyi buwo mugambwe”.

Umuryango wa Moise Nimbona usaba ko haba amatohoza yigenga hama uwo afunzwe akarekurwa.
Nkuko amakuru abandanya abimenyesha, Musitanteri wa Komine Kinyinya, Fulgence Kwizera, akaba atashimye ko abazwa amakuru kuri iryo hagarikwa.