Ruyigi: Buramatari yafashe ingingo yo kuduza igiciro c’isukari

0

˶Yari isanzwe itaboneka, ubu hoho bigiye kwunyuka. Nta wuzi ko abana bazoshobora kwiga neza ataco baronse mu gatondo.˵ Ayo ni amajambo ya bamwe mu banyagihugumu baba ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi,inyuma yaho buramatari w’iyo ntara Abdallah Hassan afatiye ingingo yo kuduza igiciro c’isukari.

Buramatari w’intara ya Ruyigi Abdallah Hassan amenyesha ko yafashe iyo ngingo yo kuduza igiciro c’isukari gushika ku mafaranga 2400 y’amarundi kuko yabonye ko abadandaza badandaza bahomba,akavuga ko iyo ngigo yayifashe ahejeje kuganira n’abandandaza.

Abanyagihugu baba mu gisagara ca Ruyigi bavuga ko naho Reta yari yashinze igiciro c’2200 ku kilo c’isukari itaboneka,none ko ubu hoho ibintu bigiye kwunyuka.

Haraheze iminsi itari mike isukari itaboneka neza kuva ubushikiranganji bw’ubudandaji bufashe ingingo yo kuduza igiciro cayo gushika ku mafaranga 2200, aho ibonetse iboneka ku mafaranga 3000 canke arenga.