Rutana: Umugabo umwe yahagaritswe inyuma y’ibitero vyakomerekeje abantu bane

0

Inyuma y’ibitero vyabaye mu ntara ya Rutana ku munsi w’Imana igenekerezo rya 26 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 bigakomeretsa abantu 4, umuntu umwe yamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.

Amakuru ava mu Rutana amenyesha ko umugabo azwi kw’izina rya Epimac ariwe yafashwe kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 yikekwa kuba ariwe yateye grenade mu nzu iri muri quartier ya Bureremba,mu gisagara ca Rutana.


Amakuru ava mu gipolisi mu ntara ya Rutana, amenyesha ko uwo mugabo Epimac muri kino gihe apfungiwe mu gasho k’igipolisi muri Komine Gihofi y’intara ya Rutana.

Ivyo bitero vyabaye mu bice bibiri, kimwe cabaye mu muhana w’umuntu ahatewe grenade ikomeretsa umukenyezi n’abana babiri,ikindi kiba mu bunywero gikozwe n’umuntu yitwaje inkoho yo mu bwok bwa pistolet akomeretsa umuntu umwe.