Rumonge:Umugabo ava mu gihugu ca Kongo yafatanywe abana 9 agomba kubajabukana

0

Umugabo ava mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yarahagaritswe kuw’Imana igenkerezo rya 19 Ruhuhuma n’abajejwe umutekano, mu gihe yariko agerageza kujabukana abana.

Uwo mugabo azwi kw ‘izina rya Bosco Namuleba yahagaritswe afise abana 9 bava mu karere ka Sange mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko iri mu buseruko bw’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Amakuru ava mu ntara ya Rumonge amenyesha ko abo bana bari mu modoka y’ubwoko bwa Hiace ikora ingendo za Bujumbura-Rumonge.

Abajijwe n’abajejwe umutekano Bosco Namuleba yemeje ko abo bana bose ari ibiwe kandi ko yari abajanye mu gihugu ca Malawi, ariko abana babajijwe bose bavuze ko bavuka ku bavyeyi batandukanye.

Bitegekanijwe ko abo ban abaca bashikirizwa igipolisi kijejwe imbibe PAFE kugira babasubize mu miryango yabo.