Rumonge : Umugabo yishwe akerewe izosi

0

Ubugizi bwa nabi bubandanya kwibonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, aho abantu bicwa n’abitwaje ibirwanisho batamenyekana. Salvator HARINDAVYI yahora aba muri komine Bugarama, intara ya Rumonge yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu atemeshejwe umupanga kw’izosi, asogotwa n’imbugita mu mugongo.

Mu giporisi mu Rumonge baremeza ayo makuru, bakavuga ko abagandaguye uwo mugabo batamenyekanye, ariko ko bamusanze ku rugo iwe.

Abajejwe umutekano bazindukiye kuri uwu wa kane aharaye habereye ubwo bwicanyi, amatohoza akaba yamaze gutangura, nk’uko mu giporisi babimenyesha.

Ababanyi b’uwo yagandaguwe bavuga ko abakoze ubwo bwicanyi bari bambaye impuzu z’igisirikare zirinda imvura, binyegeje no mu maso.

Amakuru ava aho mu Rumonge ariko ataremezwa n’igiporisi avuga ko uwo mugabo yoba yazize uburozi.