Rumonge : Abantu barenga 20 bafashwe n’igiporisi

0

Abantu barenga 20 nibo bafashwe n’igiporisi mw’isakwa ryakozwe kuri uwu wa kabiri muri karitiye ya Birimba, intara ya Rumonge. Abanyagihugu bo muri ako karere kakozweko iryo sakwa bamenyesha ko bavyutse basanga abaporisi bamaze kwugariza iyo karitiye, kuva nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro.

Mu giporisi mu Rumonge bashikiriza ko abo bafashwe bagizwe n’abantu basanze badafise ivyangombwa bikwiye, abadandaza urumogi hamwe n’abadandaza inzoga zitemewe n’amategeko.

Abafashwe baciye bajanwa gupfungirwa mu gasho k’igiporisi gikorera mu ntara ya Rumonge. Imiryango y’abafashwe isaba ko igiporisi coraba neza ntihagire abarwa mu mporera kandi ata caha bagirizwa.