Friday, October 7, 2022
HomeNewsRumonge: 182 barekuwe mu kigongwe c'umukuru w'igihugu

Rumonge: 182 barekuwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu

Abanyororo barenga 180 bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru ryo mu Rumonge,bararekuwe kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2017,inyuma y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu.

Amakuru ava mw’ibohero rya Rumonge, amenyesha ko abahora bapfunzwe kubera ivya politike, ubusuma buhanitse,ukwiba bakoresheje amayeri hamwe n’abahora bapfunzwe bagirizwa ubwicanyi bari mu bapfunguwe.

Ayo makuru nyene amenyesha ko mu bapfunguwe harimwo abanywanyi b’umugambwe MSD bafashwe mu kwezi kwa gatatu kw’umwaka wa 2014.

Abahora bapfunzwe bari bizeye kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu ariko batarekuwe,harimwo abafashwe bagirizwa kuja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo c’umukuru w’igihugu, babandanije basaba nab kurekurwa kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2017.

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko ibohero rya Rumonge ryakira abantu 800,ubu ririmwo abantu bababa 1000.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....