Rukoko: Abirukanywe mu Kagaragara basaba kuronswa ahandi baba

0

Inyuma yo kwirukanwa mu kirwati ca Kagaragara kiri mw’ishamba cimeza rya Rukoko, riri muri komine ya Gihanga,intara ya Bubanza, abahora baba muri ico kirwati basaba Reta kubaha ahandi baba.

Yose hamwe ni imiryango irenga 700 yirukanywe mu kirwati ca Kagaragara n’ingingo ya buramatari w’intara ya Bubanza Tharcisse NIYONGABO yavuze ko ari mu ntumbero yo gukingira ibidukikije n’umutekano.

Abo banyagihugu bahora baba mu kirwati ca Kagaragara bavuga ko batabona iyo bagiye kuja,kuko bamwe bavuga ko bavukiye muri ico kibanza kandi bafise n’impapuro zemeza ko ari ahabo, ari naho bakorera ibikorwa vy’uburimyi n’ubworozi.

Bamwe muri abo banyagihugu bakemeza ko bafashe ingingo yo kwisamburira amazu yabo kuko batinye ko hamwe ari abandi boza kubasamburira hari ivyabo vyohava vyononekara.