ROSE MUHANDO yoba agiye kw’ injira mw’ idini rya “Islam”

0

ROSE MUHANDO akaba ari umuririmvyikazi aturuka mu gihugu ca Tanzania azwi cane mu mugabane wa Afrika ku ndirimbo zihimbaza Imana kandi zigikunzwe n’ ubu muri kano karerere.

Rose-Muhando-1

Inyuma yo kuririmba indirimbo zaryoheye benshi, ubuzima bwa Rose Muhando bwinjiriwe n’ umwuka mubi wa Satani aho yagiye avurwa nabi na bamwe mu bakristu ko yoba yigurisha kandi ko yoba ari mu basenga satani “Illuminati”.

Mu makuru dukesha amwe mu ma Radiyo akorera mu gihugu ca Tanzania bivurwa y’ uko uyo muririmvyikazi yagize ibihe bibi cane biturutse kuri iryo shari yagiriwe n’ abo bagizi ba nabi biyita y’ uko ari abakozi b’ Imana kumbure ngo bigatuma ashaka gusubira mw’ idini ryiwe rya “Islam” yahozemwo imbere y’ uko atangura kuririmba indirimbo zihimbaza Imana.