Rose Muhando, Upendo Nkone, Christina Shusho, na Bahati Bukuku ni abaririnvyi b’ivyamamare baba mu gihugu ca Tanzania. Aba bagore bane ntibakunzwe cane gusa ino muri America ahubwo baranakunzwe cane no mu gihugu cabo ca Tanzania.
Ubu rero aba bakozi b’Imana bane basohoye indirimbo y’amahoro bayobowe na David Robert, aho basaba Imana ngo ikize igihugu cabo ca Tanzania.
Iyi ndirimbo yitwa “Iponye Tanzania” (Kiza Tanzania) igaragaramwo abaririnvyi batandukanye b’ivyamamare mu gihugu ca Tanzania, barimwo: Upendo Nkone, Christina Shusho, Rose Muhando, Bahati Bukuku, Masanja Mkandamizaji, Jennifer Mgendi, Flora Mbasha, Martha Mwaipaja na Upendo Kilahilo.
Unviriza ino ndirimbo yabo hano Musi !
Recent Comments