Ukuntu Charlotte UMUGWANEZA yagandaguwe, biteye ubwoba cane ” Raba hano amafoto

0

Mu gatondo kejo ku wagatandatu italiki 17 Gitugutu 2015, ikiziga c’uwo mupfasoni, Charlotte MUGWANEZA catowe ku nkengera y’uruzi GIKOMA ruri kw’ibarabara RN1 aho vyoboneka ko yakubaguwe birengeje imbere y’ukwicwa maze abo babisha bakaza kumuta ngaho.

Charlotte-U

Amakuru amenyeshwa n’abari hafi yiwe bavuga ko yafashwe ku musi wa kane inyuma y’umutaga aho yari agiye kw’isoko bita kuri COTEBU agiye kurondera imodoka zimwe zifasha abantu kwimuka “transville” kuko yagira yimuke. Gatoya rero niho muri za modoka tumenyereye bita “pick up” ngo yaca iza ikamuhitana kurya agaca gatwara umuswi.

Umuryango ngo wararindiriye ko agaruka urabura ariko barabarikiriza ngo barunva inkuru ko yoba afungiwe muri “Documentation” ahakorera inzego zijejwe i perereza.

char

Aha twomenyesha ko uwo nyakwigendera, hejuru y’umwuga w’ukwigisha, yari asanzwe ari mu nama nshingwabikorwa y’Ishirahamwo OLUCOM akaba kandi yari icegera y’umunyamabanga wa MSD muri Zone CIBITOKE; akaba agandaguwe asize ibibondo bitatu harimwo n’uruhinja rwari ruconka.

Abantu basigaye babura n’amajambo bakoresha mukuvuga ibiriko birabera i Burundi. Ico bikoze ababikora bose nimba batazwi bazomenyekana kuko Uburundi ni buto turazinanyi.

Imana nimwakire, kandi yunve n’amarira y’Impfuvyi n’abapfakazi!

MSD-Secretary-

tte-2-592fc