RFI yiyamirije itotezwa ry’umukozi wabo Esdras Ndikumana

0

Aho yariko arafata amafoto ahabere igitero cahitanye General Adolphe Nshimirimana, Esdras Ndikumana akorera RFI na AFP yagiye abona afatwa n’abakozi b’igendereza bamutwara aho bakorera aho yahavuze bamaze kumusinzikariza ubuzima.

Marie Christine Saragosse atwara France Médias Monde na Cécile Mégie umuyobozi wa RFI biyamirije bivuye inyuma iryo totezwa ry’umukozi wabo Esdras Ndikumana. Yafashwe mu kiringo c’amasaha abiri aho yahavuye bamaze kumuvuna ukuboko. Yaciye atwarwa ku bitaro aho nubu akiriko aravurigwa.

Logo-Rfi1

Ivyo binyamakuru bivuga ko atari rya mbere abakozi babo bafatwa nabi n’abajejwe umutekano mugihe bobo baba bariko baragira akazi kabo ka minsi yose aho bakavuga ko ivyo vyabaye mu kiringo c’indwi zibiri ziheze. Bakavuga ko batazigera bihanganira iryo totezwa ry’abakozi babo kandi ataco babagiriza.

11831349_478177562356559_1408385781_o

RFI yasavye ibisobanuzi kuri Leta y’uburundi kandi ko ahubwo ko bobakingira kandi  boreka abakozi babo bagakora mu mwidegemvyo.