Friday, October 7, 2022
HomeNewsReta y'Ubuganda imenyesha abarundi bari mu buhungiro ko atawe izokwirukana

Reta y’Ubuganda imenyesha abarundi bari mu buhungiro ko atawe izokwirukana

Inyuma y’urugendo rw’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu Pascal BARANDAGIYE mu gihugu c’Ubuganda, Reta y’Ubuganda irahumuriza impunzi z’Abarundi bari mu gihugu ko bazobandanya guhabwa ubuhungiro mu gihugu gushika ivyatumye bahunga bihindutse ku buryo bushimishije.

Reta y’Ubuganda imenyesha ko impunzi z’abarundi zotekana kuko ata wuzorungikwa mu gihugu c’Uburundi mu gihe bazoba bagifise amakenga ku bijanye n’umutekano n’agateka kabo mu Burundi.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere na Reta y’Ubuganda bitangaza ko impunzi z’abarundi zizotahuka hisunzwe ingingo z’amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yo mu mwaka w’1951 ku mpunzi, amasezerano y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo mu mwaka w’1969 ku bibazo vy’impunzi ku mugabane wa Afrika.

Reta y’Ubuganda imenyesha kandi ko impunzi z’abarundi zizotahuka hisunzwe amasezerano yo mu mwaka wa 2006 ku mpunzi, avuga ko ugutahuka kw’impunzi mu bihugu zaje zivamwo vyotegerezwa gufatira ku mutekano n’iteka hamwe n’ugushaka kw’izo mpunzi.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....