Inyuma y’ikiganiro abavugizi b’ubushikiranganji butandukanye n’abavugizi b’ibisata vya Reta bahaye abamenyeshamakuru mu ntara ya Kirundo, umukuru w’ishirahamwe FOCODE aranegura inyishu zimwe zimwe zagiye zirishurwa ku bibazo bitandukanye, aho wasanga hari izirimwo imvugo y’agasuzuguro. Pacifique Nininahazwe akanegura n’amafaranga y’ikirenga ico kiganiro catwaye, mu gihe iyo ntara cabereyemwo yugarijwe na kigoyi.
Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE avuga ko atanumva imvo zatumye ico kiganiro kibera mu ntara ya Kirundo, intara imaze igihe ivugwamwo inzara izura inzara igata, mu gihe kandi uburyo bwa Reta butari buke bwahasigaye. Avuga ko iyo ico kiganiro kibera i Bujumbura, cari gutwara amafaranga make, maze ayo yandi agapfuma aja gufasha abo banyakirundo bari mu ngorane z’inzara. Abandanya amenyesha ko mu gihugu kirimwo intwaro rusangi, habaye ikiganiro kirimwo abavugizi ba Reta, hari guca hakurikira ikindi kiganiro kirimwo abatavuga rumwe nayo, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike n’abahinga, kugira abanyagihugu ntibazirikirwe ku ciyumviro n’inyishu imwe ku bibazo bitandukanye biba vyashikirijwe.
Pacifique Nininahazwe akibaza iyo umukuru w’igihugu yari, ivyegera vyiwe bibiri, n’abashikiranganji bose kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 24 Ruheshi, mu gihe hariko harishurwa bimwe mu bibazo, Pacifique Nininahazwe akibaza namba abo bategetsi barabuze umwanya rimwe mu mezi atandatu yose kugira bashobore kwishura bimwe muri ivyo bibazo. Avuga ko umuvugizi yishura ku bibazo bisanzwe ariko nkora mutima bigaheza bikishurwa n’umutegetsi vyega.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments