Remy BARAMPAMA: Aratera ivyatsi ivyabaye ku MUTAKURA hamwe no MUCIBITOKE.

0

Remy BARAMPAMA Avugako ivyabaye ku MUTAKURA hamwe no MUCIBITOKE ko ari agahomerabunywa ngo ntaho vyakabaye aho abari bajejwe gucungerera umutekano wabene barundi aribo baza kuwuhungabanya kumurango izuba ryaka.

TeleRjpp_3

Akaba yatanguye ahumuriza ababuze murico gitero cari catanguye kumunsi wa gatandatu igihe cisaha zitanu (11h) zokumuhingamo kikaba cahitanye abantu batari bake, ico gitero kikaba cabereye murizo Komine kwari zibiri MUTAKURA hamwe na CIBITOKE ubu zisigaye ziri muri COMMUNE imwe isigaye yitwa Commune NTAHANGWA.

Remy BARAMPAMA Arongoye Commune ya NTAHANGWA akaba yarangije asaba ko hokorwa amatohoza yihuta kugira hamenyekane abakoze ubwo bwicanyi.

Ikibazo twoca twibaza niki:

  • Mbega Remy BARAMPAMA asabako hokorwa amatohoza kugira hamenyekane abakoze ubwo bwicanyi mbega ko abanyangihugu bo ubwabo bemeza ko ababateye bari bambaye imyambaro y’igipolisi ngo bavanze n’imbonerakure aho hoba hagikenewe amatohoza kandi ababikoze bamaze kumenyekana?