REGIDESO iridoga ko umuyagankuba wayo ubura abaguzi

0

Ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba mu Burundi Regideso rimenyeshako umuyagankuba wayo udatwaga wose n’abaguzi b’iryo shirahamwe mu gihe bawongereje inyuma y’imyidogo ko ubura.

Mu nama yagiranye n’amahimguriro akoresha umuyagankuba mwinshi,heje ko Umukuru w’ishirahamwe REGIDESO,Jeroboam NZIKOBANYANKA yamenyesheje ko bipfuza ko umuyagankuba wabo wokoreshwa amasaha 24 kuri 24 kugira uyo muyagankuba ukoreshwe wose.

Ariko amahinguriro nayo avuga ko hari imvo zijanye n’ivy’ubutunzi bituma batakoresha umuyagankuba amasaha yose.
Murizo mvo harimwo izijanye n’amafaranga y’agaciro atakinoneka hamwe no kubura abaguzi mu gihe bokora amasaha 24 kuri 24 kuko babona ko boronka umwimbu mwinshi ata baguzi.

Mwomenya ko haciye ikiringo hafi c’amezi 4,ishirahamwe Regideso ryongereje megawate 30 ku muyagankuba yahora itanga, wabonetse mu gihe hari haciye imisi hari imyidogo myinshi ko ata muriro ukwiye uboneka mu gihugu cose.