RDC: Etienne Tshisekedi yapfuye!

0

Muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, Etienne Tshisekedi, umunyapolitike yar’akomeye mu barwanya ubutegetsi yapfuye ku mugoroba wo kur’uyu wa gatatu italiki 1 z’ukwezi kwa kabiri 2017.

Ivyo vyemejwe na Bruno Tshibala, icegera c’umunyamabanga w’umugambwe UDPS, akaba n’umuvugizi w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kongo ,“Rassemblement”.

Etienne Tshisekedi

Tshibala yamenyesheje ko batangajwe n’urwo rupfu mugihe ibipimo vya mbere yar’amaze kugirirwa vyatanga icizere.

Tshisekedi w’imyaka 84 y’amavuko, akaba apfiriye mugihugu c’Ububiligi aho yari yagiye kwivuza,akaba ahitanywe n’ingwara y’amahaha( Embolie pulmonaire).