Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsRaporo y’ Ibihugu Abanyagihugu Bavyo Babayeho Bafise Umunezero Canke Batawufise

Raporo y’ Ibihugu Abanyagihugu Bavyo Babayeho Bafise Umunezero Canke Batawufise

Ibihugu vy’Uburundi, Tanzania n’Urwanda vyashizwe ku Rutonde rw’ibihugu abanyagihugu bavyo babayeho ata munezero bafise.

Igihugu c’Urwanda cafashe ikibanza ca 151, Tanzania yafashe ikibanza ca 153, mu gihe Uburundi bwafashe ikibanza ca 154 mu bihugu 155 vyashizwe ku rutonde.

Igihugu ca Norvege nico cafashe ikibanza ca mbere gifise abanyagihugu bafise umunezero kwisi gusumba abandi, nkuko raporo ya ONU yavyerekanye, hama igihugu ca Danmark naco casubiye inyuma mu gihe mu mwaka uheze wa 2016 cari cafashe ikibanza ca mbere.

Iyo raporo ivuga umunezero abantu bafise nigituma bawufise. Ibihugu vya Danmark, Ubuswisi na Finlande bifata ikibanza ca gatatu, mu gihe igihugu ca Centre Afrique kiza mu kibanza ca nyuma ca 155 mu bantu kwisi badafise umunezero mu buzima bwabo.

Ibihugu vyo mu Buraya yo mu Burengero(L’ Occident) hamwe na Amerika ya Ruguru biri mu bihugu abanyagihugu bavyo bafise umunezero mu buzima bwabo, mu gihe Leta Zunze Ubumwe Za Amerika ziza mukibanza ca 14, hama Ubwongereza nabwo bukaza mu kibanza ca 19.

Ibihugu biri munsi y’ubugaragwa bwa Sahara hamwe nibihugu vyiziziwe n’intureka biri ku rutonde rwo hasi cane. Igihugu ca Syria cafashe ikibanza ca 152 mu bihugu 155, mu gihe Yemeni na Sudani y’Ubumanauko, ibihugu vyiziziwe n’amapfa, vyafashe ibibanza vya 146 na 147 nkuko bikurikirana.

Must Read