Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsRally- Joe, Sat- b na Mkombozi ninde akundwa cane mu burundi kurusha...

Rally- Joe, Sat- b na Mkombozi ninde akundwa cane mu burundi kurusha abandi ?

Nk’uko bibandanya bivurwa mu ntara z’igihugu, ibikorwa vy’ihiganwa rya Primusic vyari bigeze mu ntara ya Bururi aho igiteramo cabereye muri komine Rumonge iri muri iyo ntara, ndetse kikaba citabiriwe n’abantu benshi.

news

Umurwi ujjejwe ivy’ubuhinga watoye abaririmvyi icumi baja guhiganwa imbere y’abantu mu giteramo cabereye ku kibuga c’umupira mu gisagara ca Rumonge, abaririmvyi batowe ni : Niyonzima Boaz , Bimenyimana Pancras , Niyondavyi Lambert , Irakoze Willy, Nivyavyo Fay Isai, Butoyi Ernest, Kalume Enock , Bukuru Pierre , Nivyabandi Pascal na Rukundo Franck.

K’umuhingamo abo baririmvyi uko ari icumi baririmvye imbere y’abanyagihugu bitavye igiteramo aho mu nyuma umurwi ujejwe ubuhinga wavuze abaririmvyi babiri bazoserukira intara ya Bururi : Niyonzima Boaz azwi kw’izina rya D.Y.D na Bimenyimana Pancras azwi nka Tisalonik.

Muri nya giteramo umuririmvyi Rally- Joe, Sat- b mbere na Mkombozi nibo bateramishije abantu bikaba ari na zimwe mu mvo zatumye ico giteramo citabwa cane kuko abaririmvyi bose bamenyeshako bafise abakunzi benshi muri iyo ntara.

Sources : IGIHE BURUNDI

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments