UBM News ads
Saturday, December 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Raba uko ishingurwa rya Dr Jack ryagenze i Bujumbura ” amarira yari menshi kuri Big Fizzo hamwe na Lolilo

Urupfu rw’umuhinyanyuzi Dr jack rwababaje benshi cane gose, uyu munsi wa kabiri igihe bariko baramuhamba kumpanda aho twabonye abantu bari benshi cane ndetse bakaba bari buzuye amarira menshi mugihe bariko barasezera ubwanyuma umuhisi Dr Jack. abaririmvyi bo ngaha mu Burundi nka bose bari baje gufashanya n’abandi mugushingura nyakwigendera Dr Jack. Hariho ikirenga c’abantu bakunda cane ibikorwa vyiwe bikaba vyababereye icirwa gikomeye kuko Dr Jack yari intwari ku muziki w’uburundi ndetse no muri kano karere nk’Urwanda n’Ubrundi hamwe na Congo.

jac

Uko twashoboye kubona abantu benshi cane gose ibinyamakuri vyose vyo mu Burundi vyari vyahishikiye ,amaradiyo , abahinyayuzi bose b’abarundi bari bahishikiye kubitaro Prince Regent Charles hano i Bujumbura.

Ishingurwa rya Doctor Jack rikaba ryabereye i Bujumbura Kumpanda aho bashingurira abapfuye. mugihe abariko baramuhamba abaririmvyi bashoboye gukora bishimije mugushimisha umuryango wiwe bikaba bitazokwibagirwa nagato ku kuntu abarundi bashinguranye iteka ridasanzwe umuhinyanyuzi Dr Jack.

Kurikirana mumafoto uko vyagenze

Big fizzo vyamunaniye kwihagana arakorora amosozi

Lolilo we ntiyatahura ko vyoba ari vyo. yaje kuvyemera avyibonyeye

Nyakwigendera Dr Jack Imana imwakire mu bwami bwayo

Abantu batari bake baje gufata mumugongo umuryango wa Dr Jack

Umwana w’infura hamwe nuwo bavyaranye na Dr Jack nabonyene vyabananiye kwihangana

Sources : Ikirere

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments