Raba ngaha ibihe vyiza umuririmvyikazi Natasha ari kugira mu Butaliyano (Italie)

0

Umuririmvyikazi yadugije kandi akibandanya kuduza hejuru mu makungu ibendera ry’ igihugu camwibarutse ntakibarizwa mu gihugu c’ Uburundi. Muri aka kanya Natasha akaba abarizwa mu gihugu c’ Ubutaliyano aho yagiyeyo n’ umuryago wiwe wose mu ntumbero yo gufata akaruhuko.

Nkuko twabandanyije dukurikirana hafi urwo rugendo rwa Natasha. Amakuru adushikira n’ uko uyo muririmvyikazi ari kugira ibihe vyiza muri ico gihugu kiretse y’ uko bimwe mu bintu bitari ikirenga vyabaye nk’ ibimugoye. Aho tukaba tuvuga nk’ ubushuhe budasanzwe buri muri ico gihugu, bigatuma biba ngombwa ko akurako imishatsi y’ imibadikano yari afise.

IMG-20150808-WA0013
Natasha ari kumwe n’ umwana wiwe Julio mu gihugu c’ Uburundi, amasaha make imbere y’ uko urugendo rwiwe rutangura.

IMG-20150808-WA0021
Natasha yamaze gushika mu gihugu c’ Ubutaliyano.

IMG-20150808-WA0022
Umuzungukazi azwi kw’ izina rya Anita ari gutunganya imishatsi ya Natasha.

IMG-20150808-WA0023
Umugabo wa Natasha ari gufata akayaga ku nkombe.

IMG-20150808-WA0027
Natasha ari mu mazi n’ umunezero ntangere.