UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Raba ibimenyetso 10 bitangaje bizokwereka yuko umukobwa yipfuza ko mukundana

Gukunda no gukundwa ni ibintu vyizana, kandi ntawe bitabaho muri iyisi dutuyeho, yaba awushaje canke uwukiri muto. Gusa ikigora benshi ni ukumenya nimba hari umuntu ukwitayeho canke ugukunda ngo mube mwahuza ivyiyunviro, burigihe cose Nubona rero ibimenyetso bimeze nkabino tugiye kukubwira, ntuze uzebe ngo ube nkabana.

urukundo

Umukobwa yagukunze ntiyipfuza kukubona ubabaye narimwe, bityo bigatuma yumva yokubwira amajambo agushimisha, kugira ngo akubone utwenga. Usanga kandi iyo yinjiye aho uri, murebana agatwenga, ndetse kuburyo iyo muriko muraganira acishamwo agaseka ku tuntu tumwe na tumwe muba muganira, ngo akwereke ko akwitayeho cane.

2. Akunda kukuraba cane

Amaso burya ni igice c’umubiri kidasanzwe, kuko gitanga ubutumwa bwinshi mu bwonko bw’umuntu. Mu gihe rero umukobwa azoba yagukunze azohora ashaka kukwitegereza, cane cane nkiyo umuciye hamande, iyo muri kumwe muganira, iyo mwahuriye nko mu birori, canke ahandi hose hahuza abantu benshi. Cane cane nushaka kumuraba uzobona ko muzaja mukunda guhuza amaso kenshi, agasa nkuwijijisha akaraba hirya.

3. Ibimenyetso vy’umubiri

Ibimenyetso vy’umubiri bikunda kuvuga ibintu vyinshi, ariko si abantu benshi bakunze kubisobanukirwa. Nubona umukobwa muhuye cangwa yinjiye ahantu uri akakwicira akajisho atavuze, akagukubita agashi, akagukora mu mugongo, akakwicara iruhande, n’ibindi vyinshi, uje umenya ko hari ikintu kidasanzwe arimwo kukwereka.

4. Akunda kukuvuga

Mu vyukuri nta mukobwa utagira abo bagendana (group), iyo bari kumwe rero bakunda kuganira ibintu vyinshi, cane cane ntibashobora gutandukana batavuze ku ngingo y’abasore, baba incuti zabo canke abo bakorana. Iyo bateruye ico kiganiro rero, usanga umukobwa wagupfiriye ahora agutangaho ingero muri bagenzi biwe, ico bavuze cose akagisanisha nawe.

5. Azogusaba ko musohokana

Ushobora kuba wari incuti n’umukobwa bisanzwe, mukorana , mwigana, cangwa hari ibindi bintu vyinshi muhuriramwo, vyazogera aho, ukumva atanguye kuja agusaba ko mwasohoka mwenyene, mu vyukuri aba ashaka ko hari ico mwazaganiraho mwiherereye mutari ahantu hari urwamo.

6. Azokoresha uko ashoboye mube kumwe

Burya iyo ukunda umuntu ubawunva mwahora muri kumwe cane. Umukobwa rero iyo yakwikundiye, akoresha ibishoboka vyose akaja aba ari aho nawe ukunda kuja, kandi mukaza kubonana. Urugero, nkiyo ukunda kuja gutamba, kuraba umupira se, n’ahandi, usanga akunda kuhaza, kandi abagenzi biwe bataha ariko nyene ubwiwe agasigarana nawe, mukavugana ho amajambo make gusa, akitahira.

7. Azokubwira ko Akunda Imico Yawe

Umukobwa nakubwira ko yikundira imico yawe, mbese nk’ukuntu ugenda, useka, ijwi, ubwitonzi, kwambara se, n’utundi tuntu twinshi tukwerekeyeho, azoba akubwiye ko agukunda. Nibwo buryo bwe azoba akoresheje kugira ngo akwereke ko yagukunze.

8. Akwereka ko akwitayeho

Burya umukobwa wagukunze, aba ashaka kukwereka ko ariwe muntu ukwitayeho kurusha abandi. Nkiyo murikumwe na bagenzi banyu, usanga akunganira mu bintu vyose uvuga, bakubaza nk’ikibazo nawe akagushigikira, wavuga ikintu akakunganira, kandi akagerageza kwereka abandi ko uvuze ibintu bifise akamaro.

9. Akunda kukugira Inama z’Ubuzima

Nimba umukobwa yarakubengutse uzaja wumva arimwo kukugira inama z’ubuzima, akwereka ico wokora ngo witeze imbere n’ico utagomba gukora. Ibi kandi nta mwanya munini bizomutwara, kuko azabikubwira igihe muzoba muganira.

10. Aragufuhira

Gufuha ni ibintu bigirwa na benshi, cane cane iyo bakundana, kandi usanga umuntu ufuhira uwundi aba amukunda koko vy’ukuri. Iyo umukobwa rero mumaze kumenyerana, muganira bisanzwe, ushobora kutamenya ko yagukunze. Ariko nubona akunda kukubaza nimba umukobwa runaka ari inshuti yawe, cangwa akakubaza ico upanga n’umukobwa yigeze kubabonana, uzamenye ko burya atabikunda, ahubwo aba ashaka ko ari we wenyene wakwikundira.

Ibimenyetso ni vyinshi ntawobivuga ngo abirangize, ariko ibi nivyo bikunda kugaruka mu buzima bwa burimunsi. Nubona rero hari umukobwa bigaragayeho, wewe musore ntuzobe umwana nimba ufise gahunda yo gushaka incuti, kuko ntiwategereza ko azagusaba ubucuti. Burya imico y’ibihugu vyacu yemerera abahungu kubanza gusaba ubucuti abakobwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments