UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Raba hano uburyo 6 abakobwa bakunda kubesha abo bakundana! ese nawe ntiyoba yarakubeshe ibi?? soma inkuru yose umenye ukuri

UBM News ads

Ububeshi mu mu mubano w’abakundana ntibwigera bubura, ariko hari bimwe mu binyoma vyoroheje abakobwa canke abagore bakunda kubesha, ndetse ni ibinyoma bibabangukira cane gukoresha, ibi binyoma akabibesha cane cane umugabo bakundana canke ku mugabo uri kumusaba ko bosohokana.

1.Ndi mu kwezi

Sinkeka ko hari umugore canke umukobwa adakunzwe kubesha yitwaje iki kinyoma, yitwaza ko ari mu kwezi nk’impamvu ituma atokora imibonano mpuzabitsina, ariko mu vyukuri ntabwo akenshi aruko aba ari mu mihango ahubwo ni ukubera ko muri uwo mwanya aba yunva adashaka gukora imibonano mpuzabitsina, canke hariho izindi nyungu ziwe bwite zitari izo gukorana imibonano mpuzabitsina.

2.Mu munota umwe nza kuba mpejeje

Umunota umwe uvamwo isaha,iki naco ni kimwe mu binyoma abagore bakunze kugira ; vyo uba ukeneye kugaragara neza, ndetse uba ukeneye kwisiga ukanogereza ndetse uba ukeneye no kwiborosa ubundi amenyo agaca, bityo gerageza umenye ko bibangama cane, ibi rero warukwiye kubikora mbere kuko gahunda uba uyizi.

3. Nta Telefone nfise

Mbabwije ukuri iki n’ikinyoma buri mukobwa wese abesha kenshi,iki kinyoma ubundi abakobwa bakunze kukibesha umusore batishimira ariko abenshi ntabwo bakoresha iki kinyoma babishaka ahubwo ni ukugira ngo bace intege abo basore batishimira maze bareke kubiruka inyuma.

4. Ntabwo nshavuye

Iki naco kirakunzwe cane muri ibi bihe n’abakobwa,wewe uba ubona mu maso yiwe ko yarakaye, isura yiwe yahindutse, ariko umubajije impanvu yashavuye akakubwira ngo ntabwo yarakaye.

5.Ntabwo nigeze numva telephone isona

Iyo umugore canke umukobwa yarambiwe n’umugabo wiwe canke iyo hari umuhungu amutesha umutwe adashaka, iki nico kinyoma amubwira, akenshi aba yumvise Telefone isona ariko ntashake kuyitaba, ahubwo agahita ayishira muri Silent.

6. Ntabwo niyunvamwo ivyo gukundana murino minsi.

Iyo umusavye ko mwokundana agusubiza ko adashaka gukundana ndetse akaguha nubusobanuro ngo butuma adashaka gukundana, akakubwira ko adakeneye abahungu bamushira mu ngorane canke ko adakeneye umuntu womububabaza, hari naho akubwira ko akija kwishure rimwe na rimwe azogusubiza aya majambo “ntabwo mbishaka mugenzi”ariko ukuri nimba umukobwa nta mukunzi wundi afise aramukeneye, bityo noiyakubwira gutya ntugacike intege ahubwo uje ukomeze umuhatirize,ayo mahirwe se yoyakurahe yo kubana nawe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments