Ibirori vyo kwigina imyaka 53 irangiye incungu y’ukwikukira kw’Uburundi agandaguwe. Ivyo birori, bikaba vyabereye mu gihugu cose. Ku murwa mu kuru w’Uburundi bikaba vyari vihagarikiwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Muri ivyo birori vyatangujwe n’inkuka y’imisa, musenyeri Varisito Ngoyagoye akaba yasavye abarundi gusengera igihugu cane na rirya amatora yo mu mwaka w’2015 yegereje. Inyumay’iyo misa, abategetsi batandukanye bakaba baciye baja i Kiriri ahari intatemwa ya Rwagasore. Aho ku cibutso c’umuganwa Rudoviko Rwagasore, hakaba humvirijwe ijambo ryiwe, ijambo yavuze umugambnwe UPRONA umaze gutsinda amatora. Iryo jambo, abatari bake mu bari ngaho, bakavuga ko ari ijambo rifise akanovera kadasanzwe.
Mukamenya ko ahari intatemwa ya Rwagasore hashizweko amashurwe uhereye ku mukuru w’igihugu, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, incuti za Rwagasore, abaserukira imigambwe n’abandi. Muri ivyo birori kandi abatari bake bari bavyitavye, aho hari abasanzwe barigeze kurongora Uburundi Sylvestre Ntibantunganya, Domisiyano Ndayizeye n’umutambukanyi wiwe, umupfasoni wa Petero Buyoya, n’umupfasoni wa Melchior Ndadaye.
Ariko Abadasigana ba UPRONA bashigikiye umushingamateka Karori Nditije bakaba batahahonyoje ikirenge kireste umushingamateka Gasutwa Bonaventure n’umukenguzamateka Methode Nkengurutse. Abandi bakaba bariko baragira imisa yabo kw’isengero Saint Michel, aho bivugwa ko mu nyuma baca baja mu birori nabo, vyo kwigina uwo munsi.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments