Kubera umwimbu mwishi yaronse ubu akaba atagisuma,Prezida Ndayishimiye ahevye umushahara wiwe w’amezi 6 kugira afashe abarwaye n’ababuze amahera yo kuriha mubitaro.
Prezida Ndayishimiye ahanura abonona amahera mukuyajana mu bubare no mubintazi kuyafashisha abarwayi.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye Evariste agiye guheba umushahara wiwe w’amezi 6 kugira afashe abarwayi mbere n’abarwaye bakabura amafranga bishura mu bitaro.
ibi akaba abikoze kuko asanzwe afise ivyo yimbuye yirimira ivyatumye atagisuma vyinshi.
Iki gikorwa akaba yagitanguye ku musi w’ejo igenekerezo rya 1 Myandagaro 2025 mu ntara ya gitega mu bitaro polyclinique Mugiraneza n’ibitaro vyo mu kibimba aho yatanze ibifungurwa bivuye muvyo yirimiye akanarihira abarwayi babuze uko basohoka ibitaro kubera babuze amafranga bishura.
Prezida Ndayishimiye yateye akamo abarundi bonona amafranga yabo mukuyajana mububare no mu bintazi kuyafashisha abarwayi.





Recent Comments