Umukuru w’igihugu ca Kenya yaramenyesheje ku mboneshakure y’igihugu ko igitero cari cabaye mu nzu y’inyubakwa badandarizamwo “Westgate” i Nairobi muri Kenya carangiye. Igitigiri ca nyuma c’abahasize ubuzima akaba ari abanyagihugu 61, abasirikare b’ igihugu 6 hamwe n’abihevyi 5. Cumi n’umwe bikekwa nabo barafashwe ku mvo z’amatohoza.
Nyakubahwa President umukuru wigihugu ca Kenya ”Uhuru Kenyata ” Inyuma yo kumenyesha ikigandaro c’imisi itatu guhera uno musi, yongeye asaba abanyagihugu gufatana mu nda muri ibi bihe bigoye.”
Iyi ni Video aho President yariko aravuga ijambo.
Recent Comments