UBM News ads

President Neva yoba yategetswe gukura abasoda b’Uburundi bari muri Congo ? Ingaruka idasanzwe k’Uburundi !

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Indemesho ya Président Ndayishimiye yoba ari iyukuri ko Urwanda rutagiteye Uburundi!?

Ubwambere bwo nagira ntagure nsabe abegereye Umukuru w’Igihugu kumukebura,akamenya imvugo aba Leaders bakoresha!
Nko kuvuga ijambo ngo:”Abari biteze gukamisha igitero c’Urwanda mu Burundi,nibasubize amero mw’isaho kuko ntikikibaye!”
Nta mu Leader yitahura avuga nkuku Please!!

Iyo mvugo yonyene isigura vyinshi:
1. “Abari biteze gukamisha basubize amero mwisaho,”
Bisigura ko Président Neva azi neza ko mu Burundi hari abatari bake bifuza ko Urwanda rwoza kubatabara intwaro ya CNDD FDD!

2. “Ntikikibaye”
Bisigura ko azi neza ko cari carateguwe!
Nta musi numwe Urwanda rwigeze rutangaza gutera Uburundi,
President Neva ubwiwe niwe yavuze kenshi ko Azi imigambi Urwanda rufise yo gutera Uburundi! Yatanguye abivugira imbere y”abaserukira Ibihugu vyabo mu Burundi,
Mu nyuma yongera abibwira Abanyagihugu mu Kirundo,mbere abahamagarira kuzokwitabira urugamba rwo kurwanira Igihugu!

Mu gasuzuguro kenshi,Leta y’urwanda ntiyigeze igira ico ivuze kuri izo mvugo za PrĂ©sident Neva! Ibi navyo bisigura vyinshi:
1. Bashobora kuba bamuzi ko umunwa wiwe wamana Amajambo menshi,ayukuri nayibinyoma, bakanka nabo kurwa mumahopa!
2.Bashobora kuba barabonyeko izo mvugo za Président Neva ari izogusamaza Abarundi kuko atakindi afise yobabwira,kuko ivyo yavuze vyose ntanakimwe yashikanye mu ngiro!

Gusa ngaha ico twomenyesha Abarundi,kuba Neva yavuye i Addis Ababa mu nama y’Abakuru bibihugu vya Africa agashika atangaza arya majambo,ntimwibaze ngo ni ku busa!
Namba vy’ukuri yaravuganye nivyo bihugu bigenzi n’Urwanda bikamwizeza ko Urwanda atamugambi rufise wo gutera Uburundi,Kanatsinda ntavyo rwigeze ruvuga.
Ntibisigura ko Red Tabara+M23 batotera Uburundi kandi bafashijwe n’Urwanda nyene,kandi rukaguma rwihakanira nkuko rubikora muri Congo! None hari narimwe murigera mwumva rwemera ko rwateye Congo?
Aho rere niho mukwiye kumenya ubwenge bw’Indongizi mufise mu Burundi aho bugera!!

Kagame si ikijuju,Kagame arazi ivyo arimwo,kandi aritahura arazi ico ari naho ashaka gushikana Urwanda,ntamwanya yoronka wo kuropagurika amajambo nk’aho mengo acometsemwo Flash!!
Iconzi co CNDD FDD irafise ubwoba bwo guterwa n’umuntu afise inguvu! Kuko yoba ivuye ku butegetsi ubwonyene!
Aha rero Ndayishimiye namba yaraganiriye n’Ibihugu bicuditse n’Urwanda canke Urwanda ubwarwo
Aho hari ama conditions bamuhaye kugira Uburundi bugume butekanye:

1. Kureka gufashanya na FARDC muri Congo
2. Gukura vuba ingabo z’Uburundi muri Congo
3.Ikibuga c’Indege ca Bujumbura gihagarike gukoreshwa n’Abantu bagenda guhungabanya M23.
Gusa nkivyo ntavyo yari kubwira Abarundi,kuko yoba imvugo yokwerekana gutsindwa pe! Ariko vuba muzoshobora kubona abasoda b’Uburundi bataha,! Aho muzomenye ko muzehe yahonzwe ingumu zo Mumutwe kugeza yemeye kutitambika imbere ya ma Dili y’Abagabo!! Abarundi nibagumayo naho,nukuri ni ngombwa Red Tabara +M23 ya Kagame basekeze Bujumbura! Naho nyene Ndayishimiye akaba yaremeye gukura ingabo muri Congo kugira Uburundi bugume butekanye,iyi izoba ari Intsinzi ya mbere kuri Niyombare na Red Tabara yabo,kuko bazoca babategeka kuja mu biganiro, CNDD FDD ivyanse yisange muri ya Ntambara nyene bari bashatse gukwepa!

Wa mugani w’Ikirundi ngo” uwushaka kukurya ntabura Imboga agukoza”
canke ngo” Inyenda muvano ya ndyogo yarikiye mu Ntege uhaguruke meneke,wicare meneke! Nivyo Leta ya CNDD FDD igiye guhura navyo! CNDD FDD izokwisanga iri mumutego kugeza yemeye Ibiganiro canke ikurweho n’Inguvu z’Intambara!
Ibi bitagenze uku muzoca mumenya ko RED TABARA itari mu Rwanda nkuko bivurwa,canke ko idakorana na M23 nkuko bivurwa!!!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments