Pr. Petero NKURUNZIZA agasubira kwitoza azoba afise izindi nguvu zitaboneka yishimirije

0

cnd
Mu kiganiro kabizi co kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 ntwarante, umushingwamanza Isidore rufyikiri yamenyesheje ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero nkurunziza nka hamwe yokwirengagiza impanuro ariko arahabwa n’ama Institution atandukanye ku kijanye n’ukwitoza kugira gatatu ngo ashobora kuba azoba afise izindi nguvu yishimirije zitaboneka.
Ivyo akabivuga yishimikije ko vyaba ibihugu vya buraya, ishengero katorika amashirahamwe yigenga eka n’abarundi batari bake ngo babandanya batera akamo umukuru w’igihugu ngo ntasubire kwitoza kandi. Nkuko yabandanije abivuga ngo akenshi abantu badakunda koboneka bakunze guta mu rudubi abakuru b’ibihugu ngo bakore ivyo batabona ikizovamwo.
Isidore Rufyikiri ntiyaretse kumenyesha ko nkahamwe yokwitoza biboneka ko hashobora kuba ibintu bibi, akabivuga atanga uburorero avuga ko abakunze gusoma ibitabo baravye neza ingwa zitandukanye zabaye kwisi zifise uko zatanguye kugomba gusa.