Ese Pr. Petero Nkurunziza yoba yarekuriye imbonerakure ngo zice abo bose batemera ikiringo ciwe ca gatatu?

0

Mbega umukuru w’igihugu c’Uburundi yoba yubahutse kurekurikira Imbonerakure mu barundi ngo zibahonye na cane cane abatemera ikiringo ca gatatu ciwe? Ico ni kimwe mu bibazo wokwibaza mu gihe ukubitije ijisho ku rupapuro rugize igihe rubica bigacika mu mihora y’ingurukana bumenyi yaba Facebook whatsapp viber n’izindi.

Urwo rwandiko rukaba rwarekurikira urwaruka rwo mu mugambwe asanzwe akomokamwo CNDD FDD bita Imbonerakure gufata amasuka ngo yabahaye arizo Nkoho bamese(Imvugo yabonetse mu Myiyerekano y’aba CNDD FDD yabaye ku wa gatandatu) abo bose batemera ikiringo ca Gatatu, aho nyene akaba yari yanamenyesheje abo basore ko atari abo gusa kuko no muri bo nyene harimwo abahindutse.

11139515_1589261968018010_49317441_n (1)

Nkuko twari twabibamenyesheje mu makuru yacu y’imbere umukuru w’Igihugu c’Uburundi abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu  yaramenyesheje ko ivyo ari ububeshi butagira izina kuko atoshobora kwandikira umuntu asanzwe kandi atanaho vyigeze.

Vyoba arivyo? Mbega uwoba yabikoze yashaka gushika kuki? Abashaka ko Ingwano isutana mu Burundi boba aribo bariko barabikora? Mbega ko Nyakubahwa umukuru w’igihugu yasavye ko ababijejwe borondera kandi bagahana ababikoze vyoba bigiye gukorwa vuba bwango? Ntabazohava babesherwa nkuko muri Kahise vyabobetse? Wait and See.