Abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa bahuriye kw’izina rya Michaëlle Jean wo muri Canada, mu burongozi bw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Amahirwe ya Petero Buyoya wo mu Burundi ko ariwe yoramutswa iryo shirahamwe yoba yabaye impfagusa bivuye ku kutumvikana hagati y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika.
Inama yo mw’ibanga yaheze ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana abakuru b’ibihugu bo mw’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa bumvikanye kw’izina rya Michaëlle Jean wo muri Canada ko ariwe yoshingwa kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa (Organisation Internationale de la Francophonie). Michaëlle Jean wo mu gihugu ca Canada, asanzwe yarigeze n’ukuba buramatari wa Canada, akaba abaye umugore wa mbere ahawe uburongozi bw’iryo shirahamwe. Asubiriye mu kibanza cahoramwo umunya Sénégal Abdou Diouf yarangije ikiringo ciwe.
Michaëlle Jean wo mu gihugu ca Canada, asanzwe yarigeze n’ukuba buramatari wa Canada, akaba abaye umugore wa mbere ahawe uburongozi bw’iryo shirahamwe.
Mu gisagara ca Dakar muri Sénégal, abakuru b’ibihugu vya Afrika boba batahurije ku woserukira Afrika mu burongozi bw’iryo shirahamwe. Uwahawe uburongozi bw’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yamenyekanye inyuma y’umubonano wo mw’ibanga wamaze nk’igihe c’isaha n’iminota mirongo itatu, hagati y’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande, umukuru w’igihugu ca Sénégal Macky Sall hamwe n’abakuru b’ibihugu bari bafise abariko barahiganwa, aho twobabwira Denis Sassou Nguesso yari afise Henri Lopès, Petero Nkurunziza yari afise Petero Buyoya mw’ihiganwa, Stephen Harper wa Canada yari afise Michaëlle Jean, hamwe na Kailash Purryag yari afise mw’ihiganwa Jean-Claude de l’Estrac.
Uwo mubonano uheze, abo bakuru b’ibihugu bashikirije abari baserukiye ibihugu vyabo muri iyo nama, izina ry’umunya Canada Michaëlle Jean, w’imyaka 57, akaba abaye umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe agira gatatu, inyuma ya Abdou Diouf hamwe Boutros Boutros Ghali. Uwo azotangura ayo mabanga mashasha ku genekerezo rya mbere Nzero 2015 abaye umugore wa mbere atowe muri ico kibanza.
Imbere y’uko uwatowe amenyekana, abari muri iyo nama bobona ko uwutorwa yoba ahava ava muri Afrika yo hagati, kuko babiri baheruka muri ayo mabanga uwa mbere yava muri Afrika y’uburaruko (Boutros Boutros Ghali, Egypte), uwugira kabiri nawe akaba yava muri Afrika y’ubumanuko (Abdou Diouf). Aho mukumva ko babiri (umurundi Petero Buyoya na Henri Lopès wo muri Congo bari bafise amahirwe kurusha abandi, naho Petero Buyoya yayarusha uwo wo muri Congo, kuko yigeze kuba umukuru w’igihugu.
Laurent Fabius, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu yari yashikirije ko Ubufaransa bushigikiye ko hotorwa uwukomoka muri Afrika, ariko agasaba ko abakuru b’ibihugu vya Afrika bohuriza kw’izina ry’uwotorwa ava muri Afrika.
SRC : Igihe
Recent Comments