Umunyeporitike Pancrace Cimpaye amenyesha abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’abandi banyeporitike b’abarundi batagira aho bavugira, ko bagiye hamwe bakarengera inyungu z’umwumwe, bakagira urunani, ariho bazoshobora gutsinda umugambwe CNDD FDD mu matora yo mu mwaka w’2015.
Pancrace Cimpaye
Abanyeporitike bandikiwe ni Ndayizeye Domisiyano, Nditije Karori, Nyangoma Léonard, Rwasa Agathon, Sinduhije Alexis, Minani Yohani, hamwe n’abanyeporitike bavuga ko batagira aho bavugira aribo Nzobonimpa Manassé na Radjabu Hussein apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Pancrace Cimpaye yabwiye abo banyeporitike, ko ico abarundi babarindiriyeko ari umwizero w’Uburundi bushasha burangwa n’iterambere, ivyo navyo bikazoshikwako inyuma yo gusezerera ubutegetsi bwa CNDD FDD mu mwaka w’2015.
Nk’uko Pancrace Cimpaye abivuga, indyane n’ukutumvikana bimaze iminsi vyibonekeza hagati ya bamwe mu banyeporitike, agatanga akarorero ka Ndayizeye-Ngendakumana-Minani, ntaco zizofasha mu kwitegurira amatora Uburundi bwimirije. Abo banyeporitike yabasavye guhagarika ingwano y’uburongozi, birengagize ukurwanira ibibanza, ahubwo babone ko uwo bahiganwa ari umwe, nabo baje hamwe bagire urunani, batange indongozi zobashikana kwihinduka mu mwaka w’2015. Ku mezi atandatu asigaye kugira Uburundi bwinjire mu matora, Pancrace Cimpaye abona ko hatararengerana, kuko urwo runani rushoboka, akavuga ko icihutirwa ari ugushiraho uwoserukira urwo runani mu matora, hama ibindi bikazokorwa mu nyuma.
Nyakubahwa umukuru w’iguhugu asanzwe ariwe arongoye umugambwe uri kubutegetsi wa CNDD-FDD ” Petero Nkurunziza ”
Muri urwo rwandiko rwarungikiwe abo banyeporitike aribo Ndayizeye Domisiyano, Nditije Karori, Nyangoma Léonard, Rwasa Agathon, Sinduhije Alexis, Minani Yohani, hamwe n’abanyeporitike bavuga ko batagira aho bavugira aribo Nzobonimpa Manassé na Radjabu Hussein apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Pancrace Cimpaye yarangije avuga ati : “Ndizera ko nimwaja hamwe muzoshika ku ntsinzi. Muzoba mubaye abagabo b’ijunja, barokoye Uburundi.”
Sources: Igihe Burundi
Recent Comments