UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

Politics News : Nguku hano uko ibirori vy’umugambwe CNDD-FDD vyagenze ” Vyovyo ntivyari bisanzwe

Ico nico cari icivugo c’umugambwe CNDD-FDD kuri uno wagatandatu aho umugambwe CNDD FDD wari uramutse wigina imyaka ine (4) umaze utsinze amatora yo mu 2010.

Uwo musi mukuru ukaba wahimbajwe mu ntara zose z’Uburundi,no mu ntara ya Bubanza uwo musi wahimbajwe ,abagumyabanga bo mumakomine yose agize iyo ntara bakaba bari bahuriye muri komine ya MPANDA.

Uwo munsi mukuru ukaba wari watewe iteka na Emmanuel SINZOHAGERA komiseri ajejwe ivy’intwaro n’amategeko muruwo mugambwe kugwego gw’igihugu n’abandi bategetsi bavuka i bubanza harimwo abatowe muriyo ntara.

Ivyo birori bikaba vyatanguwe na defile yatanguriye kw’isoko yo ku musenyi bakaba bagenda baririmba indirimbo zihayagiza uwo mugambwe bagana ku k’ibuga c’umupira co ng’aho kuri komine MPANDA.

Mukanyamuneza kenshi abagumyabanga bo muri iyo ntara ya Bubanza, imbonerakure, abakenyerera rugamba n,imigwi y,intambo yo muruwo mugambwe yaje iva muma communes yose y,intara ya Bubanza, babiciye biracika muntambo zabo .

Ivyo bikaba vyatumye abari ngaho batumva n’izuba narirya ryari rimena imbwa agahanga.

Emmanuel SINZOHAGERA akaba ari nawe yari intumwa y,umugambwe kugwego gw,igihugu, mw,ijambo yashikirije yavuzeko abikuye mumatora yo mu 2010 kwabaye ukwiha amenyo y,abatwenzi, ngo ni muri abo harimwo abavuga ko hari ugwaruka gwahawe inkoho ngo rukorere imyimenyerezo mubuseruko bwa republika iharanira demokarasi ya CONGO.

Kubwa SINZOHAGERA Emmanuel abo ngo ntamatora bashaka ngo bagomba ibihiye batabikoreye.
Benshi murabo ngo kubera gutinya ibibazo bobazwa n’abenegihugu ngo bashima kuvugira ku ma radiyo ntibaje k’urubuga.

Akaba yabahamagariye kwitegurira amatora hakiri kare kuko ngo inzira yonyene yo gushikira ubutegetsi ari amatora abereye k’umugaragaro ,nayo ngo abokwiha izindi nzira kwoba ari nko kurota kumurango.
Ntiyibagiye no kuvunira akagohe abagumyabanga ngo barushirizeyo kuzigama itsinzi baronse bigoranye ngo barwanye ico cose coza gisubiza inyuma demokarasi ngo bame bitegurira itsinzi nshasha ngo ntibabere intambamyi itsinzi baronse ngo behave bakora ibikorwa bibi vyohava bicafuza umugambwe.

Mu kurangiza Emmanuel NSINZOHAGERA akaba yahamagariye abagumyabanga bakwije imyaka yo gutora ngo babe bararondera ibikenew vyose hakiri kare kugira ngo bazoje kwiyandikisha nihagera kugira bazokwitabe amatora ku bwinshi,kandi ngo ntibategwe ubwoba n’abavuga indagu mbi ku gihugu c’UBurundi ngo amatora azogenda nabi.

Uyo munsi mukuru ukaba wosozerewe no kwakira k’umugaragaro abanwanyi bashasha basavye kwinjira k’umugaragaro.

Ivyo birori bikaba vyabereye mu ntara zose zigize igihugu cacu,mu ntara ya NGOZI hari Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA,mu ntara ya GITEGA hari Pascal NYABENDA umukuru wa CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu,icegera ca mbere c’umugambwe CNDD-FDD Victor BURIKUKIYE yari mu ntara ya CANKUZO,icegera c’umugambwe CNDD-FDD Joseph NTAKARUTIMANA yari mu ntara ya MUYINGA,mu ntara ya MAKAMBA hari Gabriel NTISEZERANA arongoye inama nkenguzamateka,Pie NTAVOHANYUMA arongoye inama nshingamateka akaba yari mu ntara ya MURAMVYA nawe Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Igihugu akaba yishikiye mu ntara ya KIRUNDO muri komine Bugabira.

Sources : Ingoma

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments