Nyuma yaho ibinyamakuru bitandukanye vyo muri Tanzania bikomeje kwandika inkuru ijanye nokuba aba Polisi bo muri Tanzania bariko bararondera umuririmvyi wicamamare akundwa n’abantu benshi” Rose Muhando ‘ kugira bamufate, UBM News twashimye kubatohoreza ino nkuru kugirango tubabwire muko bimeze ndetse tubamenyeshe nikosa Rosa muhando yoba yakoze kugirango aronderwe nigipolisi.
Nkuko ”Global Publishers ” ikinyamakuru co muri Tanzania gikomeza kibivuga, bo bavuga ko Rose Muhando aronderwa nabapolisi nyuma yaho umu Pastori ava muri Nigeria yitwa ”Kabagambe Tchanda ” avuga ko yamuhaye amahera kugirango aze guteramisha abantu mugiteramo ariko ngo bikaza kurangira uno muririmvyi atahabonetse.
Uwo mu Pastori yarakoranye amasezerano na ”Rose Muhando ” vyunvikana ko bisabwa azomurihe ama Dollar 5000 ” $ 5000 ” ( hano zirenga nki Million 8 z’amarundi ), nkuko bibandanywa bivugwa ngo uwo mu Pastori amahera yambere yahaye rose muhando yari ama Dollar 1900, bityo ngo baza kunvikana ko ayandi $ 3100 asigaye ko azoyamuha nyuma yokurangira kwico giteramo.
Icaje kubabaza cane uwo mu pastori ngo nyuma yayo masezerano, ngo igiteramo bari bateguye muri DR Congo, Rose muhando ngo ntiyakibonetsemwo bityo ngo yahisemwo kumwishuza amahera yiwe ariko Rosa muhando ngo yanka kuyamwishura.
Uwo mu Pastori yagize ati : Nubu sinemera neza ko umuririmvyi nka Rosa muhando ko yari kunkorera ibintu nkibi kuko uravye ni umukozi w’Imana, kuki akora ibintu bidahesha icubahiro Imana ? birantangaza gose ariko vyovyo ntagiye kukubesha sinzi ivyamwononye mumutwe, iyo ndamuhamagaye ntiyitaba, iyo yitavye naho aguma ambwira ngo rindira, kuva aho narindiriye ndarushe.
Uno mu Pastori nyuma yokubona ko Rose Muhando asa nuwudashaka kumuriha amahera yiwe, ubwiwe yahisemwo kwitura ubutangane aho uno muririmvyi yugururiwe ikese yi number ” KJN/RB/7122/14 KWIRONKERA AMAHERA MUNZIRA ZUBUBESHI
Recent Comments