Pierre Nkurunziza : ‘Abakoloni Bakwiye Gusaba Imbabazi Ku Bikorwa Bibi Vyabo Bakoze Ku Burundi’.

0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza yabivuze ku musi wa gatandatu aho Uburundi bwibuka umusi uhambaye wo kwikukira muri kahise k’Uburundi, ubu hakaba haheze imyaka 55( 1962-2017). Yavuze ko yipfuza ko « abakolonije Uburundi bosaba imbabazi ku bikorwa vyabo bibi bakoze », nk’uko urunani rw’abamenyeshamakuru bigenga babitangaje ku musi wa mungu.

Umukuru w’igihugu yaramenyesheje kandi ko abona ko bihambaye ko Abarundi bamenya kahise kabo, na cane cane ibihe Uburundi bwamaze bukolonijwe. « Mu gihe kahise komenywa, ababazwa ibikorwa bibi muri ico gihe c’ubukoloni bobibazwa, mbere binabereye bagashumbusha Uburundi », niko Pierre Nkurunziza yashimitse avuga.

Pierre Nkurunziza: “Abakolonije Uburundi bosaba imbabazi ku bikorwa vyabo bibi bakoze“.

Imbere y’uko Uburundi bwikukira itariki 1 Mukakaro 1962, Uburundi bwaraganjwe n’abakoloni b’Abadagi kuva mu mpera z’ikinjanaca 19 gushika hasinywe Amasezerano y’i Versailles, mu nyuma Uburundi buca bubandanya buri munsi y’Ubukoloni bw’Ababiligi gushika bwikukire.

Ivyo biri uko mu gihe Ibihugu vyakoronije Uburundi( Ubudagi hamwe n’Ububiligi) bisanzwe biri mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya, ni mugihe iyo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risanzwe ritumvikana neza n’Uburundi muri kino gihe, na cane cane ko ryafatiye ibihano Uburundi mu vy’Ubutunzi.