PIERRE NKURIKIYE: Ngo abapolisi barivunye umwansi.

0

Pierre NKURIKIYE asanzwe ari umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi ngo abapolisi barivunye umwansi kuvyabereye ku MUTAKURA hamwe no MUCIBITOKE ngo kuko abapolisi baje babona bakubitwa gerenade n’imisore yo murizo COMMUNE kwari zibiri hanyuma nabo baca baja kubarondera ngo biboneka ko iyo umunyagihugu afise ikirwanisho aba atakiri umunyagihugu ahubwo aba abaye umwansi w’Igihugu.

TeleRjpp_2

Tumubajije abapolisi boba barahasize ubuzima yoshoboye kutubwira yuko amakuru afise gushika n’ubu ngo hoba harakomeretse abapolisi barenga indwi (7).

Tworangiza tubamenyeshako ico gitigiri Pierre NKURIKIYE yatanze ataho gihuriye n’ico abanyagihugu bashoboye gutanga aha bashoboye kuvuga yuko abapolisi barenga cumi nabatandatu (16) aribo bahasize ubuzima.