Pierre Claver Mbonimpa yafashe indege imujana mu Bubiligi kwivuza

0

Abo basangiye umwuga bakaba aribo bemeza iyo nkuru nyuma y’indwi hari amakenga ku magara yiwe yiyo ntwari y’agateka ka zina muntu.

 

Ububiligi bwari bwaramusavye ko yoja kwivurizayo, ivyo bikaPierre Claver Mbonimpa in Bujumburaba birangutse kuruyu w’imana. Yahawe uruhusha rwo gusohoka imbibe ngo aje kw’ivuza n’umushikiriza manza wa sentare y’i Bujumbura abifashijwemo n’uwumuburanira.

Mbonimpa akaba yari yarankiwe kujabuka imbibe ku npamvu zuko yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.

Umuryango wiwe akaba warumaze iminsi ugirigwa iterabwoba y’uko Mbonimpa ashobora kugirirwa nabi aho ari agwariye kubitaro Polyclinique de Bujumbura. Bose bakaba bababwira ko bazoza kumumarira.

Claver akaba yaracitse kw’icumu kuruyu wa mbere uheze aho yarashwe n’umuntu atashoboye kumenyekana ari ku moto nawe akaba yaratashe iwe. Akaba yarakomeretse cane ku maso.