Pierre Claver Mbonimpa avuriwe hanze ngo niho umutekano wiwe woba ukingiwe

0

Umuryango wa Pierre Claver Mbonimpa umenyesha ko ufise amakenga menshi ku buzima bw’uwo muvyeyi wabo kuko batinya ko abashatse kumugandagura atahutse bashobora kuza kumuherahereza mu bitaro aho asanzwe ari muri kino gihe.

MBO

Uwo muryango umenyesha ko mw’ijoro ry’ishaka kugandagurwa ry’uwo mutama ngo abantu baguma bagendagenda mu micungararo y’ibitaro arimwo. Ariko bakaba bashimishijwe n’uko abanyecubahiro batandukanye baciye baza kwifatanya nabo mu  gushigikira uwo muvyeyi wabo. Bamwe mu bavurwa harimwo ubuserukizi wa Ambassade ya USA mu Burundi hamwe na bamwe mu bafatanije urugamba rumwe na Mbonimpa.

IMG-20150804-WA0006

Amakuru dukura ku rubuga rwa Twitter avuga ko umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ugufashanya bw’uburundi nayandi makungu ariwe Kabuto Daniel yamenyesheje ko Mbonimpa ariwe yoba yarateguye ico gikorwa cahatswe kumutwara ubuzima.