Pierre Claver Mbonimpa : “Abarundi Barahakana Kuba Abashumba ba Nkurunziza”

0

Umukuru w’Ishirahamwe riharanira agateka k’abapfunzwe APRODH, Pierre Claver Mbonimpa yongeye kumenyesha ko abarundi batemera kuba abaja b ‘Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunza, ubu haciye imisi hatanguye guhimbazwa isabukuru rigira kabiri ryo kwibuka igihe hatagura imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Ingorane za politike no mu zubutunzi zaciye zikurikira. Pierre Claver mbonimpa ahamagarira Abaraundi iyo bari hose kurwanira ko itegeko ritohonyangwa mu gihugu cabo.

Pierre Claver amenyesha ati: “ Abarundi baramaze imyaka mu marira no mu mubabaro bivuye ku guhonyanga amasezerano y’i Arusha gukozwe na Pierre Nkurunziza. Ukwo guhonyanga amategeko kwatumye abantu barenga 2000 bicwa, abantu 8000 barafungwa, abarenga ibihumbi amajana barataza izabo barahungira mu bihugu bibanyi; hatibagiwe nabandi barundi amajana baburiwe irengero ryabo, abakenyezi bafashwe ku nguvu imbere y’abana babo,abakenyezi, abagabo nabakiri bato basinzikarijwe ubuzima. Ku bwizo mpamvu zose, tukaba dusubiyemwo impagararo yacu hamwe n’amakungu ko tutari abaja ba Nkurunziza yihagiye ubutegetsi ku nguvu”.

Uyo mukuru w’ishirahamwe APRODH yahamagariye abarundi, na cane cane ababa mu makungu bashobora kuvuga bisanzuye ko bohaguruka bakarwanya intwaro ya Nkuruziza kugira ntabandanye yica abantu buhoro buhoro kandi acaguye bamwe bamwe.

Pierre Claver Mbonimpa, arongoye Ishirahamwe APRODH

Umugwi “ Arusha Non Au 3eme Mandat” ubona ko uko ibintu vyifashe mu Burundi ari nabi cane kuva muri Ndamukiza 2015, ubu haciye imyaka 2. Chavineau Mugwengezo, umwe mu bashizeho uyo mugwi, aguma afise icizigiro, akamenyesha ko vuba bwango Nkuruziza azobazwa kuvyo yakoze vyose.

Mugwengezo amenyesha ati: “Ubu haheze imyaka ibiri dutanguje uyo mugwi, Pierre Nkurunziza yabandanije yica amatwi mu kubandanya agandagura abantu.Niwe yatumye abantu ibihumbi bata izabo barahunga, abashika amajana barafungwa, yariyerekanye mu guhonyanga amategeko bimwe bihebuje. Ivyo vyose vyatumye amakungu abona uko Nkuunziza ameze, kandi turizeye ko urugamba rwacu ruzodushikana ku gihugu camategeko, harimwo ivyiyumviro vya politike bitandukanye”.

Abarundi baba mu mahanga hamwe n’ababuranira agateka ka zina muntu barategekanije ibikorwa kugira bibuke intango yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza kibonwa na bamwe ko kidakurikije amategeko.

Amagume ya politike no mu vyubutunzi Uburundi burimwo yatanguye itariki 26 ndamukiza 2015, inyuma yaho Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko azokwitoza mu kiringo kigira gatatu kugira atware Uburundi.