Petero Nkurunziza yoba yari hehe aho Lt. Gn. Adolphe Nshimirimana yariko arahambwa ?

0

Mu gihe hashingurwa nyakwigendera Lt. General Adolphe Nshimirimana, abanyecubahiro batari bake barabonetse kuri uwo musi wo gusezera ubwanyuma iyo ntwazangabo.

Mu mashusho yashoboye kuboneka muri ico gihe harabuzemwo abantu babiri aribo Nyenicubahiro Petero Nkurunziza aramutswa igihugu c’uburundi muri kino gihe hamwe n’umuhanuzi muvy’ukumenyeshamakuru mu Biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

peter

Umwe muri abo babiri ariwe Willy Nyamitwe akaba we yari mu bubirigi aho uwo musi nyene yariko ashikiriza ikiganiro ngo yerekana ishusho nyayo y’igihugu c’Uburundi.

Nyakubahwa Petero Nkurunziza hakaba harabuze nuwomenya iyo aherereye, bikaba vyashoboka ko hari amabanga ajejwe yariko ararangura, munabona ko n’ishingwa rya Leta nshasha risa niryanyarutse.

pet

Ariko naho biruko hari ishusho rigize igihe ryerekanwa hirya no hino haba ku mbuga za Internet n’izindi aho Nyakubahwa Petero Nkurunziza aboneka ari inyuna y’umuryango abandi nabo bariko basohokana ikiziga c’iyo ntwazangabo yasandavye iguye mu gitero hataramenyekana neza abagikoze.

Bamwe bakibaza icoba catumye ahagarara aho hantu kandi yambaye impuzu zisa n’izabamucungerera umutekano, Ubona ko n’ubuhinga bwanateye imbere, bikaba binashoboka ko abatamwerekwa boba baranakoze iyo shusho kugira bamucafuze.