Abungere ba Ekereziya Katorika berekanye aho bahagaze ku gusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza mu matora y’umukuru w’igihugu. Abo basenyeri ba Ekereziya Katorika bavuga ko abarundi bemeranije ko uwuramutse atorwa akaba umukuru w’igihugu c’Uburundi, uwariwe wese, atorenza ibiringo bibiri vy’imyaka itanu ku kiringo kimwe cose. Abo bungere bashikirije ko bagiye gutegura igisabisho c’iminsi icenda, basengera ibisikanya ku butegetsi mu Burundi.
Inyuma y’inama yari imaze imisi ibiri ibera i Vatikano kwa Papa Fransisko, abasenyeri ba Ekereziya Katorika mu Burundi basohoye urwandiko rwasomwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, isaha zine z’ijoro, bakaba muri iryo tangazo bibukije ko amasezerano ya Arusha atomora neza ko ataworenza ibiringo bibiri vy’imyaka itanu itanu ku kiringo kimwe cose. Igisabisho c’iminsi icenda kikaba kigiye gutegurwa, mu ntumbero yo gusengera ibisikana ku butegetsi mu Burundi, nk’uko bivugwa na Musenyeri Evariste Ngoyagoye, umwepisikopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, ari nawe yasomye iryo tangazo.
Ibice bikuru bikuru bigize iryo tangazo ry’inama nkuru y’abepisikopi
Twihweje ivyanditse mu masezerano y’amahoro, tukaraba n’ibivugwa mu masezerano y’i Arusha, hamwe n’ibwirizwa nshingiro riyakomokako, mu ngingo y’umunani, na 96, iy’103 hamwe n’302, tukongera tukabaza umutima ka benegihugu bakunda igihugu c’amavukiro na ka bungere ba Ekereziya Gatorika batipfuza na gato ko igihugu gisubira mu mpari, mu ndyane no mu ntambara, tugira duti : “Ijambo rikuru abarundi twemeranije, tukongera tugapfundika, n’uko uwuramutse atorwa akaba umukuru w’igihugu c’Uburundi, uwariwe wese, atorenza ibiringo bibiri vy’imyaka itanu itanu.”.
Murazi ko no mu gihe havugwa ivyo guhindura ingingo zimwe zimwe z’ibwirizwa nshingiro, twashikirije ijambo ko muriryo harimwo ingingo zashizwemwo nkana, kugira zifashe igihugu cacu kwogorora bukebuke. Muraraba itangazo ry’inama y’abepisikopi katorika b’i Burundi, ryo kuwa gatandatu Kigarama 2013, akanomero ka kane. Twaranatomoye ko murizo harimwo nk’izerekeye uburyo bwo gusangira ubutegetsi n’ukubisikanya hageze. Nimurabe aho nyene. Aho twari duhagaze ico gihe, n’ubu niho tukiri, izo ngingo nizubahirizwe, kanatsinda, n’inama nshingamateka, iserukira abenegihugu bose ntiyazihinduye. Intwaro rusangi nyakuri niyo izotuma Uburundi bwogorora rwose, tukaba tuzi ko mubiyiranga harimwo n’ibisikanya ry’abategetsi mu mahoro, biciye mu matora atunganijwe neza
Musenyeri Evariste Ngoyagoye, umwepisikopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura
Inzira twese dushobora gufata turi kumwe, n’uko umwenegihugu wese yihitiramwo abamurongora, mu mwidegemvyo. Nico gituma dusemereye hakiri kare duti : “Nyabuna nidufate inzira y’ubwitonzi, dushire imbere ineza isumbirije y’igihugu cacu, kugira tubandanye guteza imbere intwaro rusangi twamaze guhitamwo.”
Ku vyerekeye naho abo mwebwe abakirisu turongoye mwotora, canke mutotora, musanzwe muzi ko twebwe abungere banyu tutigera tubategeka ngo tora umugambwe uyu n’uyu, canke umuntu kanaka. Uko musanzwe murekuriwe kuja mu migambwe, umwe wese yihitiyemwo uwo ashaka ata gahato, kuko yashimye n’imigambi yawo, niko n’iyo hageze gutora umwe wese ahanuza Imana mu gisabisho, hama akumviriza ico Imana imubwiye mu mutima wiwe, agatora uwo ashaka. No muri aya matora yimirije, niko twipfuza ko vyogenda. Nimuyitegurire neza rero, mu kwamirira kure iterabwoba n’ico cose cohava gituma abantu bahahamuka, bagahava kumbure baha urwitwazo aboba badashaka amatora, bohimbarwa yankirijwe. Abakirisu dusangiye ukwemera, turabahanuye nk’uko Pawuro Mweranda yahanura abanya Filipi ati : “Ubutore bwanyu nibumenyekane mu bantu bose. Umukama ari hafi, ntihagire ico mwinona, ariko muri vyose mu gisabisho no mu gutakamba dukenguruka, n’ivyo musaba nimubimenyeshe Imana.” Niho amahoro y’Imana yo asiga ubwenge bwose yobazigamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristu Yezu.
Iryo tangazo rya Ekereziya Katorika mu Burundi riyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza risohotse inyuma y’ivyari vyashikirijwe n’umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana, aho yamenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahejeje ibiringo bibiri arekurirwa n’amategeko. Mu mugambwe CNDD FDD, babicishije ku muvugizi wawo Onesime Nduwimana, bari bishuye ko Musenyeri Simoni Ntamwana yashikirije iciyumviro ciwe, wenyene, kidategerezwa kuba ica Ekereziya Katorika yose. Iryo tangazo rikaba rije nk’ukuva mu gacerere n’ukwerekana aho bahagaze muri Ekereziya Katorika, bikaba bitegekanijwe kandi ko rizosomwa kuri uwu w’Imana mu masengero yose ya Katorika mu Burundi, mu misa zose.
SRC : Igihe
Recent Comments