Petero Nkurunziza hamwe na CNDD-FDD ngo nibo bateguye irya Coup d’état, soma ngaha wumve

0

Uwahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu ” Léonidas Hatungimana ” avuga ko ivyo abantu bumvise vyose canke ngo babonye kuva ku munsi wagatatu itariki 13/05/2015 ngo vyari inkinamico ya System ya CNDD-FDD kuko ngw’atakuri na kumwe kwari kurimwo ahubwo ngo Nkurunziza hamwe nakarwi kiwe ngo nibo bateguye irya Coup d’état.

coup

Haraciye iminsi rero abantu bumvise inkinamico ngo ni coup d’etat ,Léonidas Hatungimana we yemeza ko urya warumugambi wateguwe n’umugambwe uri kubutegetsi wa CNDD-FDD.

Niyihe migambi bari bipfuza kugerako ? Leonidas Hatungimana avuga ko ubwambere kwari ukugira basibe mu nama ya EAC kandi Petero Nkurunziza ariwe yega, guhagarika imyiyerekano burundu, kurondera ijambo mu makungu,guturira amaradio yose yigenga , gushira mungiro umugambi wokwica nugufata abatavugarumwe na leta n’abamashirahamwe ataho yegamiye muvyapolitike hamwe n’abahamagaje abantu kuja mumyiyerekano.

Petero Nkurunziza ngo mu gihe yari aramutse aja mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ( EAC ) , ngo vyaramunaniye kwururuka ngo aje mu gikorwa cari camujanye muri iyo nama yabereye i Dar-es-salaam kuri uyu wa 13/5/2015 , aho hose nga yase kwitaba iyo nama kuko yarazi ico yateguye.

Leonidas
Uyu ni Leonidas Hatungimana yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu ( Petero Nkurunziza )

Ese niyihe mpamvu yoba yatumye ngo Petero Nkurunziza ashaka KWIKURAKO AMA RADIO YIGENGA ?
Mu gihe ama radio yigenga yahora afasha abarundi n’amakungu kumenya ibiriko bibera i Burundi umwanya ku mwanya , reta ya Nkurunziza yagumanye akazikira kuko idashaka ko umunyagihugu muto muto amenya ko hari abicanyi n’inkozi z’ikibi .

Umugambi wo guturira ama radio yigenga wari wateguwe neza muri iyo nteguro yo KWITEMBAGAZA KU BUTEGETSI KWA NKURUNZIZA , bakaba kugira babishikeko babanje gutanga radio yabo REMA FM nk’ikimazi barayituririra bo nyene ubwabo iratokombera ariko ngwivyuma bitwara amajwi bikenewe bari babikuyemwo munzu urumva ko bo batahomvye umwanya numwanya Rema Fm ishobora gusamirana kandi, ivyo rero vyose bikaba vyabaye ku mutaga w’igenekerezo rya 13/5/2015 ( inyuma y’amasaha make bahejeje gutangaza ko bitembagaje ku butegetsi ) .

general
General Major Godefroid yari yatangaje ko yatembagaje ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza

Muri iryo joro rishira uwa 13/5/2015 , ama radio yose yigenga yaratewe n’imbonerakure n’abaporisi baje mu miduga

– Radiyo ijwi ry’abanyagihugu ( RPA ) iraturirwa muri iryo joro .

– Radio Isanganiro nayo iraterwa uko nyene iterwa ama grénades , ubu ibikoresho vyose bikaba vyarononekaye cane .

– Radiyo tereviziyo Renaissance nayo iterwa ibombe , nayo nyene ibikoresho vyinshi vyarononekaye cane .

– Radiyo Bonesha fm nayo yatewe bukeye bwaho, mu masaha ya 09h y’igenekerezo rya 14/5/2015 haje abapolisi benshi babategeka kwugara , ata n’ico baravuga abaporisi baduga hejuru mw’igorofa baturaguritsa amasasu menshi n’ama grénades yahitanye ibikoresho vyose vy’iyo radiyo igaca yizimya ata n’umukozi wayo ayizimije .

UBM News tubibutse ko Leonidas Hatungimana yahoze ari umuvugizi w’umukuru wigihugu yarangije ijambo ryiwe yari yateguriye abarundi abamenyesha ko irya Coup d’état ari inkinamicico yirementanya rya CNDD-FDD hamwe na Petero Nkurunziza, aho hose ngo ni ukugira ashobore guhagarika vyanka bikunda imyiyerekano hamwe no kwiyongeza ikiringo kigira 3 kidaciye mumategeko.